Ubufatanye hagati y’ishirahamwe Musumba Steel n’indongozi za komine #Ngozi bugiye gutsimbatazwa.

Vyashikirijwe kuri uyu munsi wa gatanu igenekerezo rya 21 myandagaro 2026 Aho ishirahamwe Musumba Steel risanzwe rihingura ibikoresho vyo kwubaka ryashikiriza Ku mugaragaro komine #Ngozi ibirango bine bubatse mu ntumbero yo gushariza komine #NgoziIbirori bikaba vyugururiwe mu mahwane y’amabarabara ahuza #Ngozi na #Gitega bikaba vyari vyatewe iteka na Alain Patrick Muheto umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari w’intara ya #Butanyerera, Dominique Ndikuryayo Musitanteri wa komine #Ngozi, Silas Majambere umuyobozi ajejwe umudandaji mw’ishirahamwe Musumba Steel n’izindi ndongozi.Mw’ijambo ryiwe, Musitanteri wa komine #Ngozi Yakengurukiye Musumba Steel ko bakiriye ibisabo Vya komine vyo kwubaka ivyo birango bizotuma komine igira ishusho nziza kandi ko bizofasha Musumba Steel kumenyekanisha ibikorwa vyabo kutyo Abenegihugu bakazohamenyera ibitari bike Ku bijanye n’ibikoresho vyo kwubaka.Yasavye Musumba ko bobandanya bakorana no muri kazoza Kuko hariho ibikorwa vyinshi bizorangurwa nko kwubaka ibiro vy’imitumba, stade Muremera n’ibindi.Nayo Alain Patrick Muheto, yakengurutse cane ibikorwa Musumba Steel iriko irarangurira muri komine #Ngozi no mu ntara ya #Butanyerera muri rusangi.Ati uburongozi bw’intara ya #Butanyerera burashigikiye ibikorwa vya Musumba Steel, akaba yabasavye ko ibirango Pancartes) nk’ivyo bozovyubaka aho intara ya #Butanyerera ihana imbibe n’izindi ntara.Yateye akamo ayandi makomine yo mu ntara ya Butanyerera gufatira akarorero kuri komine #Ngozi mu kurondera abafatanya bikorwa mw’iterambere gutyo intara ya #Butanyerera igume ari iyambere mu bisata vyose.Ibirori bikaba vyasozerewe n’urukino gw’umupira w’amaguru gwahuje imigwi ya Aigle fort na Rukonangwe yose yo mu gisagara ca #Ngozi aho Aigle fort watsinze Rukonangwe ibitsindo 3 kuri kimwe gutyo uca uronka igikombe, umupira wo gukina n’ibahasha y’ibihumbi amajana umunani.